Imigirwa yo gushingurana iteka Uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Tanzaniya John Pombe Magufuri yatanguye kuri uyu wa mbere. Abategetsi batandukanye bagiye kumusezera no kumusengera, imbere y’uko ashingurwa ku munsi wa 5 italike 26 z’uku kwezi kwa 3 i Dodoma ku murwa mukuru wa politike w'ico gihugu.
Uburundi bwaserukiwe n’icegera c’umukuru w’igihugu, u Rwanda ruserukirwa n’umushikiranganji wa mbere. Urugendo rwo gusezera ubwa nyuma John Pombe Magufuli, yahoze atwara igihugu ca Tanzaniya, rwatanguye kuri uyu wa mbere, ruzomara iminsi 5.
Inkuka y’imisa yasomewe i Dar es Salaam ku murwa mukuru w’Ubutunzi mw’isengero rya Katolika Saint Pierre aho yakunda gusengera ni yo yatanguriye indinganizo yose yo kumusezera.
Ibirori bikomeye vyabereye i Dodoma, ku murwa mukuru wa politike aho ikiziga cajanywe inyuma y’imisa kugira abanyacubahiro batari bake bamwunamire.
Uwutwara Umuryango w’Ubumwe bwa Afrika, Perezida wa Republika iharanira Demokarasi ya Kongo, Felix Tshisekedi ni we yatanguriye bagenzi biwe mu gushikiriza ijambo ryo gusezera Magufuli. Muri iryo jambo, Tshisekedi yavuze ko "hatababaye Tanzaniya gusa, ahubwo ko ari Afrika yose iri mu kigandaro. Ati tuzokwama twibukira kuri Magufuri ubutwari bwiwe, kurwanira ineza ya bose, no guteza imbere ubutunzi bwa Afrika no kurwanya igiturire”.
Umuryango wa Afrika y’Ubuseruko wiyemeje gushigikira Perezida mushasha yashizweho Samia Suluhu Hassan kubandanya isemo Magufuli yasize. Uhuru Kenyatta, Perezida wa Kenya, ari na we asanzwe atwara umuryango wa Afrika y’Ubuseruko, ufise icicaro muri Tanzaniya mw'ijambo ryiwe yagize ati: “Turi hagufi yawe, tuzogushikigira kugira ibikorwa Magufuli asize bitere imbere, akarere kacu ntigasubire inyuma. Twiteho akazi, abatanzaniya na bo bagushigikire.”
Muri iyo migirwa, Uburundi bwaserukiwe n’icegera c’umukuru w’igihugu Prosper Bazombanza yashikirije ko Uburundi bubabaye kandi bugandariye Magufuli. Mu majambo yiwe yavuze ngo: “Twebwe yatubereye imboneza, umuhanuzi mpanuzwajambo, umwizigirwa. Na twe turabuze kandi twifatanije umubabaro n’Abatanzaniya bose. Dusavye ko imigenderanire n’ubucuti dufitaniye na Tanzaniya vyokomezwa.”
Tanzaniya n'Uburundi bifise vyinshi bibihuza: Tanzaniya ni yo yakiriye ibiganiro vyavuyemwo amasezerano y’i Arusha yahagaritse intambara mu mwaka w’2003, inyuma y’imyaka 10 y’intambara n’indyane za politike. Ico gihugu camye cakira kandi impunzi z’Abarundi kuva mu mwaka w’1972, 1993 ndetse n’izo mu mwaka w’2015. Aho, n’ubu haracariyo abarenga ibihumbi 146 bari mu makambi atatu y’impunzi.
Igihugu c’u Rwanda na co caserukiwe n’umushikiranganji wa Mbere, Edouard Ngirente. Mw’ijambo ryiwe ati : “Mw’izina rya nyakubahwa Perezida wa Republika y’u Rwanda, turahojeje igihugu n’umuryango wabuze. Ati akarere karabuze intwari n’umutware yabona kure. Twebwe turamuzi kuko twarakoranye ibitari bike mu karere ariko kandi yarateje imbere imigendranire hagati ya Tanzaniya n’u Rwanda, kandi tuzokwama tumwibuka"
Mu gushimira abagiye gufata mu mugongo ico gihugu, Perezida Samia Suluhu Hassan yatangaje ko agiye kugera ikirenge mu c’uwo asubiriye Magufuli: “Yabaye umukuru w’igihugu atwarira bose ataravye ubwoko, amadini n’intara. Ati jewe mwumva mvuga, ndabisubiyemwo, ndi umukenyezi ariko umukuru w’igihugu, ashoboye. Turikumwe vyose birashoboka. Muzomfate mu mugongo kugira iryo ragi turikomeze. Wigire amahoro, mfura ya Tanzaniya na Afrika”.
Uwo muhango witabwe kandi n’abakuru b’ibihugu nka Zimbabwe, Mozambike, Malawi, Afrika y’Epfo, Mozambike, Amazinga ya Comores, na Namibia. Ivyo bihugu bisangiye na Tanzaniya umuryango w’ibihugu bigize umuryango w’Amaj’epfo ya Afrika vyiyemeje gushigikira umukuru w’igihugu mushasha Perezia Samia Suluhu Hassan.
Abatavuga rumwe na reta ya Tanzaniya, na bo batangaje ko bazoshigikira Samia Suluhu.Gusa, Tundu Lissu, yaserukiye umugambwe Chadema ahanganye na Magufuli mu matora aheruka ku mwaka uheze yatangaje ku rubuga rwiwe rwa twitter ko indongozi nshasha zo kwitandukanya n’umurongo wa Magufuli wo "kuburabuza abatavuga rumwe na we, zikihutira kugarukana icuka ciza muri Politike."
Godbless Lema, umushingamateka wo muri uwo mugambwe na we yongerako ko indongozi nshasha zitosubira gufata minenerwe urugamba rwo kurwanya ikiza c’umugera wa Corona.
Inyuma y’ibisagara vya Dar es Salaam na Dodoma, ikiziga ca nyakwigendera John Pombe Magufuli kizojanwa muri Zanzibar izinga ryegamiye igihugu ca Tanzaniya, hanyuma azojanwe i Mwanza imbere yo kuja gushinguranwa iteka mu karere ka Chato intara ya Geita aho asanzwe avuka.
John Pombe Magufili yitavye Imana ku munsi wa gatatu uheze, afise imyaka 61. Reta yatangaje ko yazize ingwara y’umutima.
Facebook Forum