Uko wahagera

Perezida Pombe Magufuli wa Tanzaniya Yitavye Imana


Perezida wa Tanzaniya, John Magufuli aramuta abanyamugamwe wiwe Chama Cha Mapinduzi, (CCM) i Dar es Salaam.

Perezida wa Tanzaniya, John Pombe Magufuli yaritavye Imana ejo ku musi wa gatatu ku myaka 61, ahitanwe n’ingwara y’umutima. Icegera ciwe yashikirije ivy’urwo rupfu kuri televiziyo y’igihugu kuri uyu wa gatatu, inyuma y’imisi Abanyetanzaniya batazi ivy’amagara yiwe n’aho yoba ari.

Icegera ciwe, umukenyezi Samia Suluhu Hassan, yavuze ko Magufuli yapfuye igihe c’isaha cumi na zibiri z’umugoroba mu masaha ya Tanzaniya. Yavuze ko yapfiriye ku bitaro vy’i Dar es Salam, ahitanwe n’ingwara y’umutima yari amaranye imyaka irenga cumi.

Yari yabanje kujanwa ku kigo gikurikirana ingwara z’umutima citiriwe Jakaya Kikwete kw’itariki ya 6, ukwezi kwa gatatu, amarayo igihe gito, nkuko icegera ciwe Hassan yabivuze.

Ariko Magufuli yongeye kwumva atamerewe neza, kw’itariki ya 14 z’ukwezi kwa gatatu aca atwarwa kandi vyihuta mu bitaro.

Urupfu rwa Magufuli rwemejwe inyuma y’indwi hari urukurukuru ko atakiboneka mu banyagihugu.

Uwutavuga rumwe n’ubutegetsi, Tundu Lissu, yarashikirije amakenga ku magara yiwe, avuga ko yumvise amakuru ko perezida arwaye Covid-19.

Magufuli, yatowe ubwa mbere mu 2015, mu nyuma yongera atsindira manda ya kabiri mu matora yo mu mwaka uheze. Yakunze kuvuga ko ata mugera wa Corona ubarizwa muri Tanzaniya, ashira imbere amasengesho.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG