Uko wahagera

Muri Tanzaniya Abandura Covid 19 Babandanya Kwiyongera


Prezida Magufuli yasavye abanyagihugu gusenga mu kiringo c’imisi 3 kugira batsinde indwara atavuze izina zifatira mu bice vy’uguhema. Ni mu gihe ibigitigiri vy’abandura Covid-19 biriko biriyongera bikomeye mu gihugu.

Amenyesha ko bashobora kuba baracumuye ku Mana. Yabitangarije abari ku maziko y’umuyobozi mwishikira mu biro vyiwe, John Kijazi uno musi ku wa gatanu. Amenyesha ko bakwiye kubisabira imbabazi.

Magufuli yatangaje incuro zitari nke ko Tanzaniya, igihugu c’imiliyoni 60, catsinze ikiza ca Covid-19 kibifashijwemwo n’Imana.

Reta y’ico gihugu ntiratanga ibitigiri bishasha vy’abanduye canke abahitanywe n’ico kiza kuva mu kwezi kwa kane kw’umwaka urangiye w’i 2020.

Ekleziya Katolika muri Tanzaniya na ambasade ya Amerika muri ico gihugu hamwe n’abandi baragabishije ku mugaragaro ku bitigiri vy’abandura n’abahitanywa n’umugera wa Covid-19 bitera vyiyongera bikomeye.

Urupfu muri iyi ndwi w’icegera ca prezida w’izinga risa na’iryigenga rya Zanzibar, Seif Sharif Hamad rwatumye abantu batari bake babona ko ikiza ca Covid-19 ari ikibazo gikomeye muri Tanzaniya. Ni inyuma yuko umugambwe utavuga rumwe na reta wiwe utangaje ko yari afise Covid-19.

Avuga ku rupfu rwa Seif Sharif Hamad na John Kijazi, Prezida Magufuli yasavye abanyagihugu kuguma batekanye.

Avuga ko bashoboye gutsinda izo ndwara zifatira mu bice vy’uguhema mu mwaka uheze biciye mu bisabisho. Amenyesha ko ata nkeka ko ibintu bizogenda nkuko muri uyu mwaka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG