Uko wahagera

Abarundi Bahungiye Muri Tanzaniya Bavuga ko Ubutegetsi bwa Magufuli Butaborohereje


Abahisi Petero Nkurunziza na John Pombe Magufuli
Abahisi Petero Nkurunziza na John Pombe Magufuli

Umukuru w’igihugu ca Tanzaniya John Pombe Magufuri yaraye yitavye Imana. Ico gihugu kirimwo impunzi z'Abarundi zirenga ibihumbi 146. Izo mpunzi zisaba ko abategetsi bashasha bobakingira kurusha uko vyahora.

Mu kwezi kw’indwi umwaka w’2017, Nyakwigendera Perezida Magufuri yahamagariye izo mpunzi gutahuka mu gihugu c’amavukiro. Perezida Magufuli yariko yakira mugenzi we Nyakwigendera Perezida Petero Nkurunziza yari yamugendeye i Ngara. Kuva ico gihe, impunzi zirenga ibihumbi 100 ziramaze gutahukanwa. Bamwe muri bo, bemereye Ijwi rya Amerika ko batahukanywe ku nguvu.

Ibindi muri ino nkuru y'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Pierre Claver Niyonkuru

Impunzi z'Abarundi Zizokwibukira iki Kuri Perezida Magufuli?
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:31 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG