Uko wahagera

Amerika Irahoza Abatanzaniya Inyuma y'Urupfu rwa Perezida Magufuli


Ned Price, umuvugizi w'Ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe imigenderanire n'ayandi makungu.

Igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika gishikiriza ko gihojeje abatanzaniya muri iki gihe bari mu kigandaro inyuma y’urupfu rwa Perezida John Pombe Magufuli.

Mw’ijambo ryashikirijwe n’umuvugizi w’ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Ned Price, yavuze ko Amerika izobandanya gukorana na reta ya Tanzaniya mu gukomeza imigenderanire hagati y’abanyamerika n’abatanzaniya.

Amerika iraciyemeza kandi kubandanya ifasha abatanzaniya mu gihe baharanira iyubahirizwa ry’agateka ka muntu hamwe n’umwidegemvyo no gukora kugira ikiza ca Covid-19 kirwanywe.

Amerika kandi yizeye ko Tanzaniya ishobora gufata inzira ya demokarasiya n’iterambere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG