Uko wahagera

Amasezerano Hagati ya Reta ya Sudani y'Ubumanuko n'Abayirwanya


Perezida Salva Kiir i bubamfu, Perezida Omar al-Bashir hagati, Riek Machar i buryo.
Perezida Salva Kiir i bubamfu, Perezida Omar al-Bashir hagati, Riek Machar i buryo.

Perezida wa Sudani yo mu bumanuko Salva Kiir n’abarwanya ubutegetsi bwiwe bateye igikumu kuri uno wa gatatu ku masezerano y’uguhagarika ingwano. Vyitezwe ko ayo masezerano ashirwa mu ngiro mu kiringo c’amasaha 72.

Bimwe mu biri muri ayo masezerano, ni ishirwaho rya reta nshasha y’ubumwe izotwara mu kiringo c’imyaka itatu mu kurindira ko hatunganywa amatora arimwo bose.

Impande zose zemeranije ko imihora yo gutanga imfashanyo ku banyagihugu yugururwa, abanyororo bagirizwa ibitandukanye mu kutumvikana kumaze igihe hagati ya perezida Kiir n'abamurwanya bakarekurwa, abarwanya reta n'abasirikare ba Reta nabo bakavanwa mu birindiro bitandukanye.

Itororokanirizo ry’amakuru ya reta ya Sudani, SUNA, ryatangaje ko inteko z’umuryango w’ibihugu vya Afrika n’inteko z’ibihugu vyo mu karere ko muri Afrika yo mu buseruko arizo zizokurikirana ishirwa mu ngiro ry'ayo masezerano.


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG