Uko wahagera

Perezida Salva Kiir na Riek Machar Babonanye i Addis Abeba


Perezida wa Sudani y'Epfo Salva Kiir, Iburyo na Riek Machar amurwanya.
Perezida wa Sudani y'Epfo Salva Kiir, Iburyo na Riek Machar amurwanya.

Perezida wa Sudani y’epfo Salva Kiir hamwe n’uwurwanya ubutegetsi bwiwe Riek Machar babonanye ubwa mbere amaso mu yandi kuri uyu wa gatatu inyuma y’ikiringo c’imyaka ibiri.

Uwo mubonano wabereye i Addis Abeba ku murwa mukuru wa Etiyopiya, wabaye mugihe hari utwigoro twariko turakorwa tugamije kurangiza intambara y’abenegihugu imaze imyaka yababa itanu, imaze guhitana ibihumbi n’ibihumbi vy’abanyagihugu, ikura abashika imiriyoni zine mu ngo zabo.

Ivyavuye muri uyo mubonano ntibiramenyekana, ariko benshi mu bakurikirana ivy’abo bategetsi babiri babishinze amaso.

Mu ntango z’uku kwezi, inama ya ONU ijejwe umutekano yabaye irabangira gushika kw’itariki ya 30 z’ukwezi kwa gatandatu, imbere yo gufatira ibihano vyo kubuza gufata ingendo no gufata ubutunzi bw’abategetsi batandatu bagirizwa kuzingamika amasezerano y’amahoro.

Ishirahamwe IGAD rihurikiyemwo ibihugu bigize umuryango w’ibihugu vyo mur’ako karere ujejwe iterambere ntirirasohora itangazo ku vyavuye muri uyo mubonano w’ejo kuwa gatatu. Kiir na Machar bategekanya kwongera guhura kuri uyu wa kane i Addis Abeba.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG