Abategetsi bo mu gihugu ca Sudani yo mu bumanuko bategekanije ibiganiro amaso mu yandi uyu musi ku wa gatatu, mu mugambi wo kurangiza ingwano imaze imyaka itanu.
Perezida w’igihugu ca Sudani Salva Kiir hamwe n’umunyapoliltike batavuga rumwe Rick Machar, bashitse ku murwa mukuru w’igihugu ca Etiyopiya, aho batumiwe mu biganiro, muri iki gihe amakungu yose ahimiriza abo bategetsi kurangiza ingwano imaze guhitana ubuzima bw’abantu ibihumbi n’ibihumbi.
Iyo ngwano kandi yatumye haba igitigiri c’impunzi umurengera, kiruta igitigiri c’impunzi cibonekeje inyuma y’ihonyabwoko ryabaye mu Rwanda mu 1994. Umuvugizi wa Kiir, Ateny Wek Ateny, yavuze ko ashigikiye ikintu cose cotuma amahoro agaruka muri Sudani yo mu bumanuko.
Machar yahunze Sudani yo mu bumanuko inyuma y’aho ingwano nshasha yadukiye ku murwa mukuru, mu kwezi kw’indwi mu mwaka 2016. Iyo ngwano yatumye utwigoro two kurondera amahoro, twari twatumye, aba icegera ca Kiir, duhagarara mu gihe gitoyi. Mu nyuma yahavuye apfungwa icamaso, mu gihugu ca Afrika y’Epfo. Ico gihugu uyu musi ku wa gatatu cyatangaje ko gishigikiye umugambi wa Machar wo kuja mu biganiro vy’amahoro.
Ivyo biganiro vyari vyahagarikiwe n’ishirahamwe ry’ibihugu vyo muri Afrika yo mu buseruko, vyagerageja akatari gake kwumvikanisha abo bategetsi mu twigoro ahanini twabaye impfagusa. Impande zose muri ivyo biganiro zaragirijwe ivyaha birimwo gufata abasivile ku nguvu, hisunzwe ivanguramoko.
Mu ntango z’uku kwezi, inama mpuzamakungu ijejwe umutekano yarafashe icemezo categuwe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika kigabisha gufatira ibihano igihugu ca Sudani yo mu bumanuko. Ivyo bifatiye ku bigwanisho hamwe n’ibindi bihano vyofatirwa abategetsi batandatu bo muri reta ya Sudani yo mu bumanuko, mu gihe ingwano itohagarara.
Facebook Forum