Uko wahagera

Perezida Salva Kiir Yemeye Guhagarika Intambara


Perezida wa Sudani y’epfo Salva Kiir yemeye guhagarika imibabaro abanyagihugu arongoye barimwo mw’ijambo yashikirije mu ntango y’ibindi biganiro yagiranye n’uwo batavugarumwe Riek Machar kuri uyu wa mbere, i Khartoum muri Sudani.

Kiir yari yarabonanye na Machar mu ndwi iheze ku murwa mukuru wa Etiyopiya, i Addis Ababa. Nta masezerano yabonetse muri uyo mubonano.

Perezida Kiir yavuze ati "Naravuze akatari gake ko numva imibabaro y’abantu bacu kuko mbana nabo. Kandi ndazi ubutunzi bw’igihugu cacu. Ndazi isoko, kandi ndabona imibabaro mu maso yabo. Kubw’ivyo, naje kurangiza iyo ntambara idakenewe mu gihugu," Kiir yabivugiye i Khartoum.

Perezida Yoweri Museveni wa Uganda, ari i Khartoum gufasha mur’ivyo biganiro, yiyemeje ko agiye gukorana n’abategetsi muri ako karere kugira intambara muri Sudani y’epfo ihagarare.

Abantu bashika ku miliyoni zibiri baramaze guteshwa ingo zabo muri Sudani y’epfo kuw’iyo ntambara igire ikwize imyaka itanu hagati y’abasirikare ba reta hamwe n’abarwanya ubutegetsi. Abandi imiliyoni zibiri bahungiye mu bihugu bibanyi kuva iyo ntambara yadutse mu mwaka w’2013.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG