Uko wahagera

Kiir na Mchar Bongeye Kubonana mu Biganiro


Perezida wa Sudani y'epfo Salva Kiir n'uwo badacana uwaka Riek Machar na Perezida wa Uganda Yoweri Museveni na Perezida wa Sudani Omar al-Bashir i Khartoum, itariki 25/06/2018.

Prezida wa Sudani yo mu bumanuko Salva Kiir yabonanye n’umunyapolitike badacana uwaka Riek Machar uyu usi ku wa mbere mu gihugu kibanyi ca Sudani, mur’iki gihe hari utwigoro two kurangiza ingwano imaze imyaka itanu.

Ambasaderi aserukira reta ya Amerika i Juba, yabwiye ibiro bijejwe gutangaza amakuru The Associated Press ko Reta ya Amerika, ata cizero ifise mur’ivyo biganiro.

Iyo nama yahagarikiwe na Prezida wa Sudani Omar al-Bashir, yabereye ku murwa mukuru wa Sudan, Khartoum, yavuyemwo ingingo zizotuma abanyagihugu bo muri Sudani yo mu bumanuko baronka amahoro, nk’uko Prezida w’igihugu ca Uganda Yoweri Museveni yabibwiye ibiro bijejwe gutangaza amakuru, Suna.

Kiir na Machar, mu ndwi iheze, barabonanye amaso mu yandi ubwa mbere, mu nama yabereye ku murwa mukuru w’igihugu ca Etiyopia, Addis Abeba, hari haheze imyaka ibiri batabonana, yamara reta ya Sudani yo mu bumanuko, yaranse kwemera ko Machar agaruka, agasubirana amabanga yiwe ya vice Prezida.

Abategetsi bo mu bihugu bigize ishirahamwe rya Afrika yo mu buseruko, mu nyuma baciye batangaza ko Machar yashobora kuva mu gihugu ca Afrika y’epho, aho yar’apfunzwe ic'amaso, yamara gushika ubu, nta gihugu na kimwe kiremera kumwakira, kiretse uburenganzira yaronse bwo kuja mu biganiro vy’amahoro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG