Umurwi w'iterabwoba Al-Shabab wiyitiriye igitero cagabwe kuri uno wa kabiri mu kibanza kirimwo ihoteri, Dusit D2, iherereye ahitwa RiverSide ku murwa mukuru wa Kenya i Nairobi.
Nta makuru aratangazwa y’aboba baguye canke bakomerekeye muri ico gitero. Abakozi bashoboye kuva muri iyo hoteri bavuze ko batazi ivyabaye bumvise ibisasu bituragurika baca barayanyaga.
Itororokanirizo ry'amakuru y'Abanyamerika, Associated Press, mu masanamu ryashize ahabona ryerekanye imodoka ziriko zirasha hanze y'iyo hoteri igenderwamwo n'abifise, n’abantu bariko bavanwa mu kibanza giherereyemwo iyo hoteri.
Igitero c’uno wa kabiri kibaye inyuma y’umunsi umwe sentare nkuru ya Kenya ivuze ko igiye gushengeza batatu mu bagirizwa igitero Al-Shabab yagavye mu kibanza kirimwo amaduka menshi kizwi nka Westgate Mall. Ico gitero co mu 2013 cahitanye abantu 62.
Facebook Forum