Uko wahagera

Kenya: al-Shabab Irabandanya Ibitero ku Bajejwe Umutekano


Ihabereye igitero ca al-Shabab, muri Kenya
Ihabereye igitero ca al-Shabab, muri Kenya

Abapolisi batanu bishwe kur’uyu wa kane muri Kenya, bahitanywe n’ibombe yari yatezwe mu modoka barimwo, ku nkengera z’ibarabara riri m’ubuseruko. N’inyuma y’iyindi mitego ibiri isa n’iyo, yahitanye abapolisi umunani mur’ako karere nyene, nk’uko vyatangajwe n’abajejwe umutekano muri Kenya.

Abo basirikare bishwe, bariko baja gufasha bagenzi babo mu gisagara ca Liboi, gihana urubibe na Somaliya, nk’uko vyashikirijwe n’uwujejwe gutunganya ibikorwa vya gisirikare mu ntara yo m’uburaruko bushira ubuseruko, Mohamud Ali Saleh.

Umuhari al-Shabab wiyitiriye ico gitero, co kimwe n’ivyari vyabaye k’umunsi wa gatatu.

Kuva aho abasirikare ba Kenya batanguriye kurwanya abagwanyi ba al shabab m’umwaka w’ibihumbi bibiri na cumi na rimwe, Igihugu ca Kenya caragabwemwo ibitero bitari bike, harimwo n’icabereye ku kigo c’ubucuruzi Westgate, i Nairobi, cahitanye abantu mirongo itandatu n'indwi m’ukwezi kw’icenda, mu bihumbi bibiri na cumi na gatatu, no kuri kaminuza ya Garissa m’ukwezi kwa kane, mu ibihumbi bibiri na cumi na gatanu cahitanye abashika ijana na mirongo ine n'umunani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG