Uko wahagera

Al-Shabab Yaciye Imitwe Abanyagihugu 9 muri Kenya


Abaporisi bahagazi hafi y'ibiziga inyuma y'igitero ca al-Shabab i Mandera, muri Kenya, Oct. 6, 2016.
Abaporisi bahagazi hafi y'ibiziga inyuma y'igitero ca al-Shabab i Mandera, muri Kenya, Oct. 6, 2016.

Abarwanyi b’umuhari w’iterabwoba wa Al-Shabab wamuka muri Somaliya baraciye imitwe abanyagihugu icenda bo mu mihana iri mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Kenya mu gatondo ko kur’uyu wa gatandatu.

Ico gitero cabereye mu mihana y’ahitwa Jima, mu ntara ya Lamu, nkuko amakuru ava mu nteko z'Afrika zagiye hamwe m’ukurwanya al-Shabab abivuga.

Guca imitwe abantu ntivyari bimenyerewe gukorwa na al-Shabab, naho uwo muhari umaze kwica abatari bake mu myaka iheze.

Ibitero vy’uwo muhari mur’ico gihugu co muri Afrika y’ubuseruko vyariyongereye mu ndwi ziheze, ibituma haba ubwoba bw’umutekano muke mugihe m’ukwezi kuza kw’umunani italiki umunani nyene 2017 hategekanijwe amatora y’umukuru aho muri Kenya.

Inyuma y’aho Kenya kirungikiye abasirikare baco muri Somaliya kurwanya Al shabab, uwo muhari waciye ugabisha Kenya ko kizokwibonerako.

Kenya ni kimwe mu bihugu bitanu vyarungitse abasirikare m’urwego rw’inteko z’ubumwe bw’Afrika za AMISOM gufasha reta ya Somaliya ibangamiwe n’abarwanyi ba al-Shabab.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG