Uko wahagera

Kenya: Al-Shabab, Yishe abantu 147, kw'Ishule Kaminuza ya Garissa


Abanyeshule bakoraniye hanze y'ishule kaminuza ya ku musi wa kane inyuma y'igitero c'abantu bitwaje ibirwanishso kuri iryo shule
Abanyeshule bakoraniye hanze y'ishule kaminuza ya ku musi wa kane inyuma y'igitero c'abantu bitwaje ibirwanishso kuri iryo shule

Abategetsi b’igihugu ca Kenya, bavuga kw’abantu ijana na mirongo ine n’indwi bemezwa ko bapfuye, inyuma yuko abarwanyi b’umurwi al-Shabab, bateye ishule kaminuza, mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu ca Kenya.

Ivyo umushikiranganji w’intwaro yo hagati, Joseph Nkaissery,avuga kw’inteko zijejwe umutekano zatabaye abanyeshule amajana atanu, kw’ishule kaminuza ya Garissa, aho barashe abantu bane bitwaje ibirwanisho. Yamara irengero ry’abandi banyeshule ijana na mirongo itandatu ntirizwi.

Umuvugizi w’umurwi al-Shabab, yabwiye itororkanirizo ry’amakuru ry’Abongereza, Reuters, kw’umurwi, al-Shabab, ufise abantu benshi wagize imbohe.

Abanyeshule mirongo irindwi n’icenda barakomeretse.

Abapolisi n’abarokotse bavuga kw’abantu bitwaje ibirwanisho binjiye, muri campus y’ishule kaminuza ya Garissa, batangura kurasa badatora. Bamwe mu barusimvye bavuga kw’abagize ico gitero, basavye abanyeshule nimba ari aba Islamu, canke aba Kristu.

Ishule kaminuza ya Garissa, iri ku bilometero amajana atatu na mirongo irindwi, mu buseruko bw’umurwa mukuru wa Kenya, Nairobi.

Umurwi al-Shabab, waragize ibitero bitari bike, mu gihugu ca Kenya, kuva ico gihugu kirungitse inteko, muri Somalia, mu mwaka w’’2011.

Mw’itangazo kuri televiziyo, prezida w’igihugu ca Kenya, Uhuru Kenyatta, yarifatanije, mu mubabaro n’imiryango y’abishw,e mu gitero kw’ishule kaminuza ya Garissa, akaba yasavye abanyagihugu gukorana n’inzego zijejwe umutekano.

XS
SM
MD
LG