Uko wahagera

Iperereza Ryararengukije Uwahoze Ari Icegera c'Umukuru w'Uburundi


Marina Barampama yahoze ari icegera ca kabiri c'umukuru w'igihugu yamaze umusi ari mu biro vy'iperereza. Ku musi wa kabiri igenekerezo rya cumi na gatatu, ukwezi kwa gatatu isaha cumi na zibiri mu gitondo, inzu yiwe yo mu Gihosha, mu gisagara ca Bujumbura yari ikikijwe n'abaporisi, ari nabo bamujanye ku nguvu mu biro vy'iperereza.

Ku musi wa mbere, Marina Barampama yari yahawe umutahe umusaba kwitaba, ariko nti yashimye kwishikana mu biro vy'iperereza. Ku rwandiko rwamuhamagaza, hari handitse ko" yagirizwa guhungabanya umutekano n'ibindi".

Kuva aho Marina Barampama akuriwe mu mabanga y'icegera ca kabiri c'umukuru w'igihugu, yaravuzwe ibintu vyinshi, harimwo gusahura amafaranga ya reta, kuba ari umunyamahanga wo mu gihugu ca Tanzaniya, azwi kw'izina rya Mwamini Shabani, akaba yarivye ubwenegihugu mu kwiyita Marina Barampama. Vyaravuzwe kandi ko ata kintu kinini ashoboye, mbere n'umukuru w'igihugu akaba yaravyiyandikiye mw'itegeko ryo kumukura mu mabanga yari ajejwe.

Marina Barampama ari mu Nama mpanuzwajambo ya komine ahavugwa ko agifise abamushigikiye. Mu ndwi iheze abamushigikiye barateranye amabuye n'abashigikiye umukenguzamateka Rukara Muhamed, uwo nawe bakaba batavuga rumwe kuko ari mu bateguye itembagazwa rya Hussein Radjabu. Marina Barampama n’umuyoboke akomeye wa Hussein Radjabu, asa n'uko ariwe yazize ahanini. Ikivugwa n’uko Hussein Radjabu ariwe yari yashize Barampama mu kibanza c'icegera ca kabiri c'umukuru w'igihugu.

XS
SM
MD
LG