Uko wahagera

Reta y'Uburundi na ONU Vyanse Ko Bumvikana


Inyuma y'ibikorwa vyamaze indwi, abaserukira reta y'Uburundi n'intumwa za ONU nti bashoboye kwumvikana ku kibazo co gushinga sentare mpuzamakungu, n'umugwi ujejwe gushira ahabona ukuri, n'ukusubiza hamwe kw’abarundi.

Intumwa za ONU zemeza ko ata ntambwe bagize, kuko reta y'Uburundi yasavye kw'inzandiko nyamukuru bakorerako zohindugwa. Ibikorwa birangiye, nta rwandiko rwashizwe ahabona. Bukeye bwaho, icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu, muganga Martin Nduwimana, yakoranije abarongoye imigambwe, abasaba ngo bashigikire iciyumviro ca reta, co gucisha ico kibazo mu banyagihugu kugirango bagire ico
bakivuzeko.

Abanyamigambwe bamwe bamwe barashigikiye ico ciyumviro, abandi nabo bakavuga bati mutubajije muteba, ariko dusavye gushirwa mur’ivyo bikorwa. Hari n’abandi bashikirije impungenge babifiseko, bakagiriza reta ko ata gushaka ifise, kwo gushinga izo nzego zitegekanijwe mu masezerano yi Arusha, abarundi bemeje mu mwaka wi 2000. Izo nzego zategerezwa kuba zarashinzwe haheze imyaka irenga itanu.

Abategetsi babandanya bavuga ko ico kibazo gihambaye, ko gikwiye kwitonderwa, kandi ngo igikwiye n’ugushira imbere ugusubiza hamwe abarundi gusumba guhana. Abandi bavuga ko hari abatinya gukubitwa intahe mu gahanga.

XS
SM
MD
LG