Uko wahagera

Ingwara Yo Mu Kigo (Fistula) Mu Bakenyezi


Har’abo bitwenza, ariko n’ingwara utokwifuriza uwawe. Iyo ngwara yo mu kigo yitwa Fistula mu rurimi rw’ Igifaransa, ifata abakenyezi bagira ingorane zo kwibaruka, ikabafatira mu bihimba vy’irondoka.

Muganga Deogratias Ntukamazina asigura ko iyo umukenyezi ageze kwibaruka, akaba afise ingorane zituma akenera gukogwa ivyo bita Cesarienne mu Gifaransa, mugabo ntashobore gukogwa buno nyene, mur’ico gihe umutwe w’umwana ubandanya umanuka cane gushik’ aho ufyonda agasaho kajamwo umwanda mutoyi (vessie).

Uwo mukenyezi agera gukogwa ako gasaho kafyonzwe umwanya muremure gushika aho gasigaramwo intoboro umwana avuye mu nda. Kubera iyo ntoboro rero, umukenyezi ntashobora kwihangana kugira umwanda mutoyi, bigatuma yama afise umwanda mwinshi, ahumura nabi.

Ivyo biragira ingaruka mbi ku buzima bw’ abo bakenyezi bakumigwa n’ abagenzi n’ incuti, eka birashika ko n’ abacance babo babirukana.

XS
SM
MD
LG