Uko wahagera

Presida w'Ibanki y'Isi Yose mu Burundi


Umukuru w'ibanki y'isi yose, Paul Wolfowitz, yashitse mu Burundi ku musi wa gatatu igenekerezo ry’indwi mur’uku kwezi kwa gatatu. Ku kibuga c'indege, yakiriwe n'icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu, ari kumwe n'umushikiranganji ajejwe ikigega ca reta.

Abategetsi b'Uburundi bafise umwizero mwinshi w'uko agiye kubafasha gutorera umuti ingorane z'ubukene. Amahoro atagira iterambere, amahoro mu gihugu abantu basinzikajwe n'ubukene ntashabora kurama. Ivyo nivyo vyatumye umukuru w'ibanki y’isi yose, umunyamerika Paul Wolfowitz yishikira mu Burundi, kugirango yibonere ubwiwe ibikenewe gufashwa. Paul Wolfowitz avuga kw'intambwe abarundi bamaze gushikako ikeneye gushigikirwa.

Umubunano wa mbere yatanze, yawuhaye abaserukira amashirahamwe yigenga, abamenyeshamakuru, abaharanira agateka ka zina muntu, n’abagwanya ibiturire n'ikiza ca sida. Bose barashimye ivyo baganiriye, ahanini bikaba vyashimikiye ku ruhara rwabo mu gihugu, intwaro ibereye, kugwanya ibiturire, n’ivyerekeye imigambi ya demokarasi.

Umukuru w’ibanki y'isi yose yavuze kw'iyo banki igiye gufasha Uburundi gutegura neza umugambi wo kugwanya ubukene, cane cane kuko uwo mugambi ushira imbere intwaro ibereye, no kurandurana n'imizi akageso ko kurya ibiturire. Uretse kubandanya kugwanya ubukene no gushigikira iterambare, ibanki yisi yose yiyemeje kubandanya gufasha abagabo, abagore n'abana bahoze mu mirwi igwanya ubutegetsi.

XS
SM
MD
LG