Uko wahagera

Urugendo Rwa Presida w'Ibanki y'isi yose mu Burundi


Presida w’ibanki y’isi yose, Paul Wolfowitz aherutse kugira urugendo mu Burundi. Twaragtaniye na Gabriel Rufyiri ayoboye ishirahamwe OLUCOME rijejwe kugwanya ibiturire n’isesagurwa ry’itunga ry’igihugu mu Burundi ku vyerekeye urwo rugendo aho yaronse akaryo k’ukubonana na Paul Wolfowitz.

Rufyiri avugako urugendo rwa Paul Wolfowitz rwabaye ikimenyetso kidasanzwe. Tubamenyesheko rwabaye urugendo rwa mbere umukuru w’ibanki y’isi yose agendera Uburundi kuva iyo Banki ishingwa. Ku bwa Gabriel Rufyiri ngw’ico n’ikimenyetso gitanga umwizwro.

Rufyiri avugako Ibanki y’isi yose isanzwe ifasha imigambi itari ike mu Burundi, harimwo imigambi ijejwe gufasha abanyagihugu batobato biciye mu migambi ijejwe gukora amabarabara, amashule n’ibitaro. Ngo hari n’umugambi w’ugusubiza abahora mu rugamba mu buzima busanzwe n’umugambi ushinzwe gufasha ikigega ca leta. Amafaranga rero Ibanki y’isi yose yemereye Uburundi akaba agera ku milioni ijana na mirongo umunani y’ama dolari y’amanyamerika.

Umuyobozi w’ishirahamwe OLUCOME, Gabrile Rufyiri amenyeshako Paul Wolfowitz yemeye ko azobandanya gushigikira Uburundi. Yamara yatangajeko ikibazo c’ibiturire n’ivyerekeye intwaro ibereye kitaraja mu nzira nziza. Akaba yasavye ko mu migambi yofatwa, ico kibazo coja imbere.


Mu vyo baganiye igihe babonana, Rufyiri avugako bashimikiye ku vyerekeye ubuzima bw’igihugu, ivyerekeye ingene amashirahamwe yigenga amerewe mu Burundi, akamaro kayo n’ibikogwa bakora hamwe n’ico bafasha. Ngo baramweretseko amashirahamwe ategamiye leta atagizwe n’abansi ba leta, ahubwo ko bayifasha kugira ishobore kurangura imigambi yayo yose yishinze cane cane ku neza y’abanyagihugu ah’ukuba ku neza y’akagwi k’abantu bari ku rushi gusa.

XS
SM
MD
LG