Uko wahagera

Mu Burundi, Abatozakori n'Abakozi ba Duane Baragabishwa


Perezida w'Uburundi aragabisha abatozakori n'abakozi bo muri duwani. Umukuru w'Uburundi Petero Nkurunziza, aheruka kunebagura yivuye inyuma ingeso "z'ubunebwe, ubusuma, ibiturire n'ukunyuruza amatungo ya reta". Aho yariko yagiriza abatozakori, abakozi bo muri duwani, n'abatanga amasoko ya reta.

Mu nyubakwa ndangamico y'aba Islamu, umukuru w'igihugu yerekanye ko abakozi benshi bo m’ubushikiranganji bujejwe ikigega ca reta barangwa n'ubusuma, kandi ko bamaze amafaranga y'igihugu.

Presida yatanze akarorero ku muntu atavuze izina, ariko ngo akora m’ubushikiranganji bujejwe ikigega ca reta, ngo aherutse kugerageza kwiba ibitoro vyo mu biro kwa Perezida, biciye imiriyoni mirongo ine z'amafaranga y'amarundi.

Umukuru w'igihugu yagabishije avuga ko mur'uyu mwaka amafaranga yinjira muri reta ategerezwa kugwizwa na kabiri. Ati kandi birashoboka mubishaka canke mutabishaka.
Yavuze ko abatazoheba akageso kabi bazofatwa n'inzego zibizejwe ziheruka gushingwa.

Presida Petero Nkurunziza yagereranije abatozakori n'abakora muri duwani nk'abavyeyi bitahira muhira bahimvye abana nabo bariko bararira. Yavuze ko abatozakori n'abakora muri duane bahembwa amafaranga abayabaye, ariko ko abantu benshi bavuga ko abatari bake muribo bahindura imiduga ku mwaka, amazu nayo bakabandanya baduza.

XS
SM
MD
LG