Uko wahagera

Ubushinwa n'Uburusiya Vyumvikanye Gukomeza Ubucuti Muvya Gisirikare


Umushikiranganji w'Ubushinwa wo kwivuna abansi Sergei Shoigu, ibubamfu na mugenzi we w'Ubushinwa Gen. Li Shangfu i Moscow, kw'itariki ya 18/04/2023.
Umushikiranganji w'Ubushinwa wo kwivuna abansi Sergei Shoigu, ibubamfu na mugenzi we w'Ubushinwa Gen. Li Shangfu i Moscow, kw'itariki ya 18/04/2023.

Umushikiranganji w’Ubushinwa ajejwe kwivuna abansi yemereye Uburusiya ko imigenderanire hagati y’ivyo bihugu muvya gisirikare igiye gushirwa ku rundi rugero. Iri tangazo ryemeza ko Uburusiya n’Ubushinwa vyongereje urugero rw’ubucuti bwa hafi busanzwe bufitaniye muri iki gihe c’intambara muri Ukraine.

Umushikiranganji wo kwivuna abansi w’Ubushinwa, Jenerari Li Shangfu yaganiriye na mugenzi we w’Uburusiya Sergei Shoigu. Uyu mubonano ukurikiye uwo yagiranye na prezida w’Uburusiya Vladimir Putine ku musi w’Imana i Moscou.

Li yavuze kuri uyu wa kabiri ko ibisirikare vy’ivyo bihugu bizoshira mu ngiro ivyumvikanywe n’abakuru b’igihugu vyabo no kwagura ibisata vyo gukorera hamwe muvya gisirikare. Bizokwagura kandi ubucuti mu guhanahana ubuhinga muvya gisirikare no gushoreranira ibirwanisho. Yongeyeko ko uku gukorera hamwe azogushitsa ku rugero rushasha.

Urugendo rw’umushikiranganji Li rukurikiye urwakozwe na prezida w’Ubushinwa Xi Jinping i Moscow. Mu misi itatu yahamaze yarumvikanye na mugenzi we Putine gukomeza gukorera hamwe. (AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG