Prezida w'Ubufaransa, Emmanuel Macron, yasavye Ubushinwa gukoresha imigenderanire myiza bufitaniye n'Uburusiya bugafasha mu kuvana mu nzira intambara ya Ukraine n'Uburusiya.
Emmanuel Macron yasavye mugenzi wiwe Xi Jinping kugira ico akoze mu gutorera umuti w’intambara y’Uburusiya na Ukraine mu kiganiro bagiraniye I Being iyo ari mu rugendo rw’akazi.
Yamubwiye ko “Agasomborotso Uburusiya bwakoze kuri Ukraine kashize mu kaga amakungu n’umutekano wayo.” Yagize ati: “ Ndazi ko nshobora kukwikorako mu kudufasha kugarukana Uburusiya ku murongo, no kuzana ku meza y’ibiganiro impande zose.”
Ubushinwa bwaramaze gutanga ingingo zimwe zimwe bwibaza ko zoheza intambara y’Uburusiya na Ukraine. Muri zo, harimwo ukubahiriza ubwigenge bw’ibihugu bishamiranye. Ntibwigeze ariko busaba ku mugaragaro ko Uburusiya bwovana abasirikare babwo muri Ukraine, canke ngo butere ivyatsi bweruye ico amakungu yita agasomborotso k’Uburusiya.
Ubushinwa mu vyo busaba, harimwo ibiganiro vy’amahoro. Ukraine yamara aha, yavuze ko itazogeza kuja mu biganiro n’Uburusiya, butabanje kuvana ingabo zabwo zose ku butaka bwayo. Uburusiya nabwo busaba Ukraine kwemeza ko uburere bwose bwigaruriye ari ubwa bwo.
Facebook Forum