Uko wahagera

Ubufaransa na EU mu Nzira yo Kuremera Ubushinwa Bushigikiye Uburusiya


French President Macron on state visit to China
French President Macron on state visit to China

Prezida w'Ubufransa, Emmanuel Macron n'umukuru w'urwego nyobozi rw'ishirahamwe ry'ubumwe bw'ibihugu vya Bulaya, Ursula von der Leyen, bashitse uno musi ku wa gatatu mu Bushinwa, mu rugendo rw'imisi itatu.

Prezida Macron yabwiye Abafaransa baba ku murwa mukuru w’Ubushinwa, Beijing, bari bakoranye kugira bamwumvirize ko imigenderanire hagati y’Ubushinwa n’Uburusiya ishobora kugira uruhara rukomeye mu kugarukana amahoro muri Ukraine.

Ni urugendo rwa mbere Macron agize mu Bushinwa kuva mu mwaka w’i 2019. Ni na rwo rugendo rwa mbere na Ursula von der Leyen azoba agize muri ico gihugu mu mabanga yiwe y’umukuru w’urwego nyobozi rw’ishirahamwe rya Buraya.

Nta cizere kinini abitegereza ibintu bafise c’uko hari ikintu gishobora kuva mu rugendo abo bategetsi 2 barimwo mu Bushsinwa, naho bisa n’uko bazogerageza kuremera Ubushinwa kugira bugabanye gushigikira Uburusiya mu bitero bukora muri Ukraine.

Bitegekanijwe ko Prezida Macron n’umuyobozi w’urwego nyobozi rw’ishirahamwe rya Buraya, Ursula von der Leyen, bagirana ibiganiro na prezida w’Ubushinwa, Xi Jinping, ejo ku musi wa kane. Bitegekanijwe kandi ko Macron agendera igisagara ca Guangzhou kiri mu bumanuko bw’Ubushinwa.

Urugendo rwa Prezida Macron na Urusla von der Leyen rufise intumbero yo kwerekana ko Uburaya bugize urunani ku bijanye n’Ubushinwa.

Mu rugendo rwiwe, Prezida Macron yagiye aherekejwe n’abikorera ku giti cabo barimwo abayobozi b’amashirahamwe yo mu bisata vy’amasoko ntanganguvu, gutwara abantu n’ibintu hamwe n’igisata c’indege. (VOA News)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG