Uko wahagera

Ubushinwa Bwafatiye Ibihano Umushingamateka wa Amerika


Umushingamateka wa Amerika Michael McCaul
Umushingamateka wa Amerika Michael McCaul

Umushikiranganji w’Ubushinwa ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu kuri uyu wa kane yafatiye ibihano umushingamateka wa Amerika Michael McCaul, arongoye komisiyo iraba ivy’imigenderanire n’amakungu. Ubushinwa buvuga ko ari uko aheruka kugendera izinga rya Tayiwani. Yagirijwe kandi kuba rwabaye urugendo rwerekanye ikimenyetso c’ikinyoma co guhenda Tayiwani ko yigenga nk’izinga ryiyonkoye ku Bushinwa.

Ubushinwa bubona Tayiwani nk’ubutaka bwayo kandi buramirira kure imibonano yose ihuza abategetsi b’abanyamahanga n’aba Tayiwani, cane cane iyo prezida Tsai Ing-wen abigaragayemwo.

Umushingamateka McCaul yagendeye Tayiwani mu ndwi iheze, kandi atako arabonana na Prezida Tsai. Yaremeye ko Amerika izotanga imyimenyerezo ku gisirikare ca Tayiwani, no kunyarutsa kuyirungikira ibirwanisho.

Ibihano Ubushinwa bwamufatiye birimwo kumubuza kwinjira mu gihugu. Yabujijwe no gukorana n’amashirahamwe yo mu Bushinwa hamwe n’Abashinwa ku gatwe kabo, kandi amatungo ahafitiye azofatwa.

Ubushinwa buvuga ko Tayiwani yabaye ikibazo ku migenderanire bufitaniye na Reta zunze ubumwe za Amerika.

Ubushinwa buramenyereye guhana abashingamateka hamwe n’abategetsi b’abanyamahanga, cane cane bahowe imvugo yo kubunegura ku kibazo ca Tayiwani. Mu mwaka uheze, icegera c’umushikiranganji wa Lituwaniya yarahanywe kuko yagendeye Tayiwani.

Mu ntango za 2021, bamwe mu bategetsi ba reta ya Trump, barimwo n’umushikiranganji w’imigenderanire n’amakungu Mike Pompeo, yarahanywe n’Ubushinwa inyuma gato y’aho Joe Biden yarahirira kuba perezida. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG