Uko wahagera

Imyimenyerezo ya Gisirikare y'Ubushinwa mu Micungararo ya Tayiwane


Ubushinwa bwakoze iyindi myimenyerezo ya gisirikare uno musi kuwa mbere mu mazi no mu kirere hafi ya Taiwan, umusi umwe inyuma y'uko umurwi
w'abashingamateka ba Amerika bashitse ku murwa mukuru, Taipei.

Igisirikare ca Taiwan kimenyesha ko iyo myiyerekano yabaye mu ntumbero y’ukwishura ku mikino ya politike ya Reta zunze ubumwe za Amerika na Taiwan igeramiye amahoro n’umutekano mu karere k’umuhora w’amazi w’izinga rya Taiwan.

Kimeyesha ko kizofata ingingo zose zikenewe kugira gikingire ubwigenge bw’igihugu, amahoro n’umutekano w’akarere k’umuhora w’amazi wa Taiwan.

Ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bwa Taiwan bwatangaje ko indege z’ingwano z’Ubushinwa 30 n’ubwato bw’ingwano 5 vyabonywe mu karere k’umuhora wa Taiwan uno musi ku wa mbere.

Igisirikare c’Ubushinwa catangaje ku musi wa gatatu w’indwi irangiye ko caheraheje neza imyimenyerezo yaco ya gisirikare. Yamara camenyesheje ko kizogira akatari gake iyindi myimenyerezo mu karere k’umuhora wa Taiwan.

Ubushinwa bubona Taiwan nk’intara ibwegukira. Bumaze igihe bwiyemeje kwigarurira iryo zinga bukoresheje n’inguvu hamwe vyokenerwa.

Prezida wa Taiwan, Tsai Ing-wedn yashimiye abashingamateka ba Amerika bagendeye izinga ryiwe mu gihe gikomeye n’ukuba berekanye ko bashigikiye Taiwan.

Tsai avuga ko ibitero Uburusiya buriko bukora muri Ukraine vyerekanye ko intwaro zitwaza agahotoro zigeramiye umutekano kw’isi, ko imyimenyerezo ya gisirikare Ubushinwa buherutse gukora mu micungararo ya Taiwan yageramiye bikomeye amahoro n’umutekano mu karere.

Mw’itangazo uno musi ku wa mbere, ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bw’Ubushinwa bwavuze ko urugendo rw’abashingamateka ba Amerika muri Taiwan birenga ku bwigenge n’iyubahirizwa ry’imbibe z’igihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG