Uko wahagera

Amerika Ihanura Ubushinwa Kudashavuzwa n'Urugendo rw'Abashingamateka muri Taiwani


Taiwan US China
Taiwan US China

Umurwi ugira kabiri w’abashingamateka ba Reta zunze ubumwe za Amerika bari bamaze imisi ibiri muri Taiwani batahutse inyuma yo kubonana na Perezida Tsai Ing-wen hamwe n’abandi bategetsi. Urwo rugendo rw’abo rwakurikiye urw’umukuru w’inama nshingamateka, Nancy Pelosi.

Ubushinwa ntibwatevye gutangaza iyindi myimenyerezo ya gisirikare mu micungararo ya Taiwani mu kugaragaraza ishavu ku rugendo rw’abo bashingamateka bari barongowe na Senateri w’umudemokratse, Ed Markey i Taipei.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bwa Amerika bw’imigenderanire, Ned Price, yabwiye abamenyeshamakuru kuri uyu wa mbere ko Ubushinwa buriko burarenza urugero mu kuvyifatamwo kuri izo ngendo.

Ambasaderi w’Ubushinwa muri ONU, Zhang Jun, yavuze kuri uyu wa mbere ko urugendo rw’abo bashingamateka ari agasotoro kandi ari uguca kubiri n’ivyo Amerika yemeye ko idakwiye gufata Taiwan nk’igihugu.

@VOA

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG