Uko wahagera

Pelosi Yashitse muri Tayiwani Ubushinwa Butipfuza ko Ahagendera


Bamwe mu baje gusanganira Pelosi
Bamwe mu baje gusanganira Pelosi

Umukuru w'inama nshingamateka ya Amerika, Nancy Pelosi yashitse muri Tayiwani naho Ubushinwa bwagabishije ko buzokwihora bikomeye kuri urwo rugendo. Urugendo rwa Pelosi muri Tayiwani rufise intumbero yo kwerekana ko Amerika ishigikiye Tayiwani.

Ni bwo bwa mbere umukuru w’inama shingamateka ya Amerika agendera Tayiwani mu kiringo c’imyaka 25. Urwo rugendo rubaye mu gihe imigenderanire hagati ya Reta zunze ubumwe za Amerika n’Ubushinwa yifashe nabi cane.

Rubaye kandi naho Reta ya Prezida Biden yari yahanuye Pelosi kutaja muri Tayiwani, igihe azoba ariko agendera ibihugu vyo muri Aziya. Ku musi wa mbere, Ubushinwa bwaragabishije ko igisirikare cabwo kizofata ingingo zikomeye mu gihe bwosanga imbibe n’ubwigenge vyabwo, bigeramiwe.

Abategetsi ba Amerika baragabishije Ubushinwa ku musi wa mbere kudafata ingingo zishobora guhungabanya umutekano mu karere kubera urugendo rw’umukuru w’inama nshingamateka ya Amerika, Nancy Pelosi muri Tayiwani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG