Uko wahagera

Ubushinwa Buragabisha Amerika Kwakira Perezida wa Tayiwani


Perezida wa Taiwan Tsai Ing-wen n'umukuru w'inama nshingamateka ya Amerika, Kevin McCarthy, i Simi Valley, California, kw'itariki ya 5/04/2023
Perezida wa Taiwan Tsai Ing-wen n'umukuru w'inama nshingamateka ya Amerika, Kevin McCarthy, i Simi Valley, California, kw'itariki ya 5/04/2023

Abashingamateka ba Reta zunze ubumwe za Amerika batesheje agaciro igabisha bahawe na ambasade y’Ubushinwa kuri uyu wa gatatu. Babwiwe ko badakwiye kubonana na perezida wa Tayiwani, Tsai Ing-wen, ari mu rugendo muri California.

Umurwi w’abashingamateka 17 bagizwe n’abarepuburikani hamwe n’abademokrate baherekeje umukuru wabo Kevin McCarthy mu mubonano wo mu mwiherero na Perezida wa Tayiwani. Uwo mubonano wabereye kw’isomero ry’ibitabo ryitiriwe Ronald Regan riri i Simi Valley, muri Californiya.

Amasaha make imbere y’uwo mubonano, ikimenyeshamakuru Punchbowl News co muri Amerika candikira kuri interineti, cavuze ko bamwe muri abo bashingamateka bahawe ubwo butumwa bwo kubagabisha. Bwavuga ko Ubushinwa butewe impungenge kandi budashigikiye ico gikorwa.

Li Xiang, umuhanuzi muri ambasade y’Ubushinwa i Washington, yanditse avuga ko igihugu ciwe kidashimishwa na gato kubona haba imibonano hagati y’abategetsi ba Amerika na Tayiwani.

Ariko abashingamateka ba Amerika bavuze ko batarota bahindura porogaramu yabo. Bavuga ko Ubushinwa butabwirizwa kubategeka uwo babonana ku butaka bwa Amerika.

Ubushikiranganji bwa Amerika bw’imigenderanire n’ayandi makungu buvuga ko kuba abategetsi ba Tayiwani baca ku butaka bwa Amerika bariko bararengana bidasigura ko baba bagendeye Amerika. (VOA News)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG