Mu rugendo rwiwe muri Taiwan, umushingamateka wa Amerika Tammy Duckworth yavuze ashimitse yuko bashigikiye iryo zinga naho Ubushinwa buriko burarigirira iterabwoba.
Kuri uno musi wa kabiri Duckworth yabonanye na Prezident wa Taiwani, Tsai Ing-wen avuga ashimikira ku migenderanire ikomeye iri hagati ya Washington na Taipei mu bijanye n’ubutunzi, politike, n’umutekano.
Igihugu c’Ubushinwa kiriyitira iryo zinga kikarondera kuryongera ku gihugu cabo ku nguvu. Ni mu gihe ejo ku musi wa mbere indege 30 za gisirikare c’ubushinwa zagurukiye hafi y’ibirere vy’iryo zinga.
Umushikiranganji wa Taiwani yavuze ko bahise bategura indege zo mu ngwano, bategura ibigwanisho vyo gutesha amamisile bongera bahamagarira abanyagihugu ku maradiyo kumera magabo.
Mw’ijambo yashikirije, umushingamateka Duckworth yavuze ashimitse ko Amerika izoshigikira Taiwani mu buryo bwo gukingira umutekano waho, akavuga ko ikibazo gihari cerekeye ahanini ubutunzi n’umutekano.
Facebook Forum