Uko wahagera

Ubushinwa Bwashavujwe n'uko Amerika Yatumiye Taiwan mu Nama


Reta ya Prezida wa Amerika, Joe Biden, yatumiye Tayiwani mu nama yerekeye demokrasi mu kwezi kuza. Iyi ngingo yashavuje Ubushinwa bubona ko Tayiwani ibwegukira.

Inama nk’iyo izoba ibaye ubwa mbere ni igipimo ku cemezo Biden yafashe igihe yashikiriza ijambo rya mbere ryerekeye politike yo hanze inyuma y’aho afatiye ubutegetsi mu kwezi kwa kabiri kw’uyu mwaka. Ico gihe yavuze ko Amerika izoja imbere y’ibindi bihugu vyo kw’isi mu rugamba rwo guhangana n’ibihugu bigendera ku ntwaro z’igitugu biyobowe n’Ubushinwa hamwe n’Uburusiya.

Ibihugu 110 bizokwitaba iyo nama kw’itariki 9 n’iya 10 y’ukwezi kw’icumi na kabiri hisunzwe uburyo bwa none bwa videwo. Ubushinwa n’Uburusiya ntibiri kuri urwo rutonde. Iyo nama izoba ifise umugambi wo gufasha mu gikorwa co guhagarika ibintu vyose bisubiza inyuma demokrasi, agateka ka muntu n’ubwigenge kw’isi.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Tayiwani yatangaje ko kuba igihugu ciwe catumiwe kwitaba iyo nama yerekeye demokrasi vyemeza utwigoro twaco two gushira imbere imico ya demokrasi n’agateka ka muntu tumaze imyaka itari mike.

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bw’Ubushinwa bwatangaje ko budashigikiye na gato ingingo yo gutumira Tayiwani muri iyo nama.

Umuvuguzi w’ubwo bushikiranganji, Zhao Liijan, yabwiye abamenyeshamakuru ku murwa mukuru Beijing ko, kuri Amerika, demokrasi ari uburyo bwo gushira imbere inyungu zayo za politike zigenewe kuganza isi. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG