Uko wahagera

Guterana Amajambo Hagati ya USA n'Uburusiya ku Kibazo c'Ibidukikije


Ifoto ya Prezida w'Amerika Joe Biden na mugenzi we w'Uburusiya Vladimir Putin
Ifoto ya Prezida w'Amerika Joe Biden na mugenzi we w'Uburusiya Vladimir Putin

Abategetsi b'Uburusiya biyamirije uno musi ku wa gatatu ibinebaguro vya Prezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Joe Biden, vy’uko Prezida Vladimir Poutine atitavye ubwiwe ikoraniro kw'ihindagurika ry'ibihe ririko ribera mu gisagara ca Glasgow muri Ecosse.

Umuvugizi w’ibiro vya Prezida Poutine, Dmitry Peskov, yavuze ko igihugu ciwe kibona neza akamaro k’ikoraniro ririko ribera mu gisagara ca Glasgow. Yongeye avuga ko ingingo igihugu ciwe cafashe, ari ingingo yiyumviwe neza. Ni mu gihe yariko yishura ibibazo vy’abamenyeshamakuru ku binebaguro vyashikirijwe na Biden ko Ubushinwa n’Uburusiya biterekanye ubuyobozi bwavyo ku bijanye n’ihindagurika ry’ibihe.

Biden yarifatiye mu gahanga Poutine ku musi wa kabiri kubera atitavye iryo koraniro. Yavuze ko afise ibibazo bikomeye bifatiye kw’ihindagurika ry’ibihe, yamara ko ataco ariko aratangaza cerekeye imigambi yiwe kuri ico kibazo gihanze amakungu.

Uyu muvugizi yavuze ko Uburusiya bwafashe inyifato y’igishingantahe ku bijanye n’ikibazo c’ihindagurika ry’ibihe mu gutegekanya imigambi yo mu gihe kirekire kiri imbere ku vyerekeye kugabanya imyuka mibi igeramira ibidukikije n’ubwoko butandukanye bw’amasoko ntanganguvu.

Yasiguye ko Prezida Biden ashobora kuba atari azi ivyerekeye iyo migambi igihe yashikiriza ivyo bineguro. Avuga ko igihe abo bategetsi bazosubira guhura amaso mu yandi, Poutine azoronka akaryo ko kubwira Biden ico bariko barakora ku bijanye n’ihindagurika ry’ibihe. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG