Uko wahagera

Amerika Yashize Ubushinwa n'Uburusiya mu Bidatanga Umwidegemvyo w'Amadini


Umushikiranganji wa Amerika w'imigenderanire n'amakungu, Antony Blinken, mu kiganiro n'abamenyeshamakuru kuri Serena Hotel i Nairobi, Kenya, kw'itariki 17/11/2021
Umushikiranganji wa Amerika w'imigenderanire n'amakungu, Antony Blinken, mu kiganiro n'abamenyeshamakuru kuri Serena Hotel i Nairobi, Kenya, kw'itariki 17/11/2021

Reta zunze ubumwe za Amerika yashize Ubushinwa, Uburusiya hamwe n’ibindi bihugu umunani ku rutonde rw’ibihugu bitubahiriza ubwigenge bw’amadini.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Antony Blinken yavuze kuri uyu wa gatatu ko ivyo bihugu 10 biburabuza, bihohotera kandi vyima abanyagihugu umwidegemvyo wo guhitamwo amadini biyumvamwo.

Ibindi bihugu vyashizwe ku rutonde rw’uyu mwaka ni Myanmar, Koreya ya ruguru, Arabiya Sawudite, Irani, Eritrea, Tajikistani, Turkmenistani na Pakistani.

Nijeriya, yahoze kuri urwo rutonde mu mwaka uheze, kandi Blinken agendera kuri uyu wa kane, yarakuwemwo.

Aljeriya, amazinga ya Comore, Nicaragua na Cuba vyashizwe ku rutonde rw’ibihugu bigiye gukurikiranirirwa hafi mu kutubahiriza ubwigenge bw’amadini. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG