Uko wahagera

Ubushinwa Buhanganye n'Amerika ku Kibazo ca Taiwan


Wang Wenbin ajejwe imigenderanire y'Ubushinwa n'ayandi makungu
Wang Wenbin ajejwe imigenderanire y'Ubushinwa n'ayandi makungu

Ubushinwa bwagabishije Reta zunze ubumwe za Amerika kudafata minenegwe ukwiyemeza kwayo ku bijanye na Taiwan. Ubushinwa bubona Taiwan nk’izinga riyegukira, bukaba bwiyemeje kuyifata umusi uri izina, bukoresheje inguvu hamwe vyokenerwa.

Prezida wa Amerika, Joe Biden, ari mu rugendo mu Buyapani, guhura n’abategetsi b’ibihugu bicuditse n’igihugu ciwe, yagabishije mu gitondo c’uno musi ku wa kabiri ko inyifato y’Ubushinwa ku vyerekeye Taiwan ishobora kugeramira umutekano mu karere, akaba yiyemeje kiyikingira ku ngingo iz0 arizo zose za gisirikare z’Ubushinwa.

Ivyatangajwe na Biden ntivyakiwe neza n’abategetsi b’Ubushinwa. Umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire y’Ubushinwa n’amahanga, Wang Wenbin yabwiye abamenyeshamakuru ko Taiwan izokwama ari intara yegukira Ubushinwa. Yavuze ko ivyerekeye Taiwan ari ikibazo cega igihugu ciwe conyene ubwaco.

Wenbin avuga ko ataco Ubushinwa buzokwumvikanako canke ngo buhebe ku bibazo bijanye n’ubwigenge hamwe n’imbibe zaco. Yamenyesheje ko Ubushinwa buzokwama bukingira inyungu zabwo bukoresheje inguvu z’abanyagihugu babwo umuliyaridi n’imiliyoni amajana ane. Ngo ntihagire uwufata minenegwe ukwiyemeza n’ubushobozi bukomeye bw’abanyagihugu ku bijanye n’ugukingira ubwigenge n’imbibe z’igihugu cabo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG