Uko wahagera

Senateri wa Amerika Yagendeye Taiwani


Senateri Marsha Blackburn yakiriwe n'umutegetsi wa Taiwani i Taipei, ku murwa mukuru wa Taiwani, kw'itariki ya 25/08/2022
Senateri Marsha Blackburn yakiriwe n'umutegetsi wa Taiwani i Taipei, ku murwa mukuru wa Taiwani, kw'itariki ya 25/08/2022

Senateri wa Amerika, umupfasoni Marsha Blackburn, yashitse muri Taiwani ku mugoroba wo kuri uyu wa kane. Ni urugendo rwa kane rukozwe n’umunyaporitike w’umunyamerika muri uku kwezi. Ni urugendo kandi rutumbereye gushavuza Ubushinwa, ahaheruka bwaciye bukora imyimenyerezo ya gisirikare bwiyamiriza izo ngendo z’abanyeporitike ba Amerika.

Icuka kibi hagati y’Ubushinwa na Reta zunze ubumwe za Amerika cariyongereye gushika ku rugero rwo hejuru kuva aho umukuru w’inama nshingamateka ya Amerika, Nancy Pelosi, agendeye izinga rya Taiwani mu ntango z’uku kwezi.

Senateri Blackburn, umurepubulikani yatowe muri reta ya Tennessee, yavuze ko ugushika kwiwe muri Taiwani ari ubutumwa ko Amerika itazigera iterwa ubwoba n’Ubushinwa. Yavuze ko Amerika ihagaze ku gushigikira ukwidegemvya kw’isi kandi ko ata n’umwe azohabwa akaryo ko guhungabanya Amerika n’abo bacuditse.

Uyundi murwi w’abashingamateka urongowe na Senateri Ed Markey, waragendeye Taiwani inyuma gato y’aho Nancy Pelosi ahaviriye.

Imigenderanire mibi hagati y’Ubushinwa na Taiwani yunyutse inyuma y’amatora yabaye muri iryo zinga mu 2016, yatsinzwe na Tsai Ing-wen. Uyo abona ko Taiwani ari izinga ryigenga, ritegukira Ubushinwa.

Amerika, co kimwe n’ibindi bihugu nka vyose kw’isi ntiremera ko Taiwani ari igihugu, ariko ifitaniye na yo imigenderanire idasanzwe. Amerika kandi iteye kubiri nuko Taiwani itangaza ko yikukiye ariko kandi ntiyipfuza ko Ubushinwa buyihitiramwo uko ikwiye kubaho.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG