Uko wahagera

Ubushinwa: Amerika Iriko Irakina n'Umucanwa ku Kibazo ca Taiwani


Perezida w'Ubushinwa xi jinping
Perezida w'Ubushinwa xi jinping

Ubushinwa bwabwiye Reta zunze ubumwe za Amerika kuri uyu wa mbere ko iriko irakina n’umucanwa kandi impera n’imperuka ari yo uzoruhira guturira. Ni inyuma y’aho Perezida Joe Biden yemereye ko mu gihe Ubushinwa bwogerageza kwigarurira izinga rya Taiwani, Amerika yoca yinjira mu ntambara gukingira iryo zinga.

Zhu Fenglian, umuvugizi mu biro vy’Ubushikiranganji bw’imigenderanire bw’ubushinwa bishinzwe Taiwani, yavuze ko Amerika iriko irakoresha ikarata igamije gushira hasi Ubusinwa, ariko ngo izosanga yituriye ubwayo.

Ivyavuze na Perezida Biden kuri uyu wa mbere, bwabaye ubutumwa bukomeye ku kibazo ca Taiwani kandi ni mu gihe Ubushinwa buriko buraduga mu butunzi hamwe no mu bushobozi bwa gisirikare.

Ikimenyeshamakuru cegukira reta y’Ubushinwa, Xinhua, cavuze ko Zhu yahanuye Amerika guhagarika amajambo canke ibikorwa vyose biteye kubiri n’amateka ari hagati y’Ubushinwa na Taiwani.

Abajijwe kuri uyu wa mbere nimba Amerika izorwanira Taiwani mu gihe yoterwa n’Ubushinwa, Perezida Biden yishuye ati “Ego cane”. Hari i Tokyo mu Buyapani aho yariko arabonana n’umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG