Abategetsi ba Ukraine, uno musi ku wa gatatu, batangaje ko igitero c'indege zitagira abadereva bita drone, Uburusiya bwakoze mw'ijoro ryo kuwa kabiri buca ari uno musi muri Ukraine, cahitanye abantu batari musi ya 3 mu ntara ya Kiev.
Ibiro vy’igihugu bijejwe gutabara mu buryo bwihutirwa vyatangaje ko ico gitero cakozwe mu kibanza kirimwo ishure mu gisagara ca Rzhyshchiv, hafi y’ibirometero 60 mu bumanuko bw’umurwa mukuru, Kiev. Cononye ibibanza bibiri vy’uburaro bw’abanyeshure n’inyubakwa itangirwamwo inyigisho.
Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, mu butumwa kuri Twitter, uno musi ku wa gatatu, yatangaje ko ibitero Uburusiya bwakoze mw’ijoro ryakeye vyarimwo indege zitagira abadereva 20 zo muri Irani, na za misile hamwe na vya muzinga.
Prezida Zelensky, yatangaje ko inteko z’igihugu ciwe ziriko zituma amahoro ashobora gushikwako. Ni mu gihe yateye akamo amakungu kayasaba kwunga ubumwe hamwe no kwubahiriza ibihano vyafatiwe Uburusiya. Yamenyesheje ko ibiganiro vy’amahoro bizoshobora kuba mu gihe conyene Uburusiya buzoba bwakuye inteko zabwo zose ku butaka bwa Ukraine. (VOA News)
Facebook Forum