Uko wahagera

Ibiganiro Vyahuza Abanyekongo Vyasozerewe Ata Muti Utowe


Uhuru Kenyatta
Uhuru Kenyatta

Ibiganiro vyo ku ncuro ya gatatu vyahuza abari mu matati muri Repubulika ya demukarasi ya Kongo vyasozerewe kuri uyu wa kabiri.

Umuhuza Uhuru Kenyatta yemeye ko ata muti uratorwa ariko hashizweho umushinge ukomeye uganisha ku muti w'indyane.

Mu vyumvikanyweko harimwo ugushiraho umurwi uhurikiwemwo na bose cane cane uziga ku bibazo bitandukanye harimwo ukurekura abanyororo batagirizwa ubwicanyi.

Umuhari M23 utitabiriye ibi biganiro uvuga co kimwe n'iyindi mirwi yari yatumiwe n'ubwo badahuje ivyiyumviro: nta muti w'amatati uzoboneka hakiri imirwi y'inyeshamba z'abanyamahanga ku butaka bwa Kongo.

Ibi biganiro vyari vyatanguye kuwa 28 ukwezi guheze vyari vyitabiriwe n’abatumire bava mu mice itandukanye irimo abaserukira imirwi y’inyeshamba, abahuye n’amabi afatiye ku gitsina, intumwa za Reta ya Kongo hamwe n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike.

Itangazo ryasohowe n’ibiro vy’umuhuza Uhuru Kenyatta yahoze ari prezida wa Kenya, rivuga ko hagiye kujaho umurwi wa bose urimwo intumwa z’umuryango w’Afrika y’ubuseruko EAC, imirwi n’amashirahamwe bitandukanye na Reta ya Kongo. uwo murwi uzofasha kugira hakorwe intonde z’abanyororo bavundiye mu nzu z’imbohe ata vyaha vyo mu ntambara canke ubwicanyi bakurikiranwako, kugira barekurwe.

please wait

No media source currently available

0:00 0:05:25 0:00

Prezida wa Kongo yasabwe kandi kuzicarana vuba n’abaserukira abanyagihugu bo mu duce 145 two mu buseruko bwa Kongo twiziziwe n’indyane kugira babone amahirwe nk’abandi Bakongomani.

Imirwi y’inyeshamba yasabwe guhagarika intambara, kurekura abana ikoresha bugwati mu bikorwa vy’intambara no kureka imihora icamwo imfashanyo z’abanyagihugu bahunze imihana yabo igakomeza ikora.

Mu kwa mbere 2023, abegwa n’amatati ya Kongo hamwe n’umuhuza n’abandi bafasha muri ico gikorwa bazohurira mu bisagara vya Goma na Bunia, ku mirwa mikuru y’intara za Kivu y’uburaruko na Ituri kugira basubire banoganze ivyo baganiririye I Nairobi.

Uhuru Kenyatta yemeye ko ata muti watowe mugabo ari umushinge ukomeye uganisha ku muti w’indyane za Kongo.

"Twumvikanye ko intambara z’imyaka 20 zidashobora gutorerwa umuti mu musi umwe ariko twemeranije ko ari ngombwa gutangura urugendo ntasubirwamo ruganisha ku mahoro arama. Abenshi muvuga muti twaraje hano ,turaganira na Reta incuro nyinshi mugabo biba impfagusa. Kuri iyi ncuro twavuze tuti ntibiherere mu mvugo gusa ahubwo dushitse ibishoboka. Nitwasubira guhura tuzovuga tuti: aho twari mu biganiro twumvikanye ibi none twaravyubahirije maze tuje ku zindi ntambwe kugeza dutoreye umuti ingorane zose zihari”.

Aimable Nabulizi, umuvugizi wa Mai Mai Bilozebishambuke, umwe mu mirwi y’abarwanyi ikorera muri Kivu y’epfo asanga yaba Reta yaba abayirwanya bose bafise uruhara rukomeye kugira amahoro agaruke.

Ivyo ashikiriza arabihurizako na Canesius Karemera Munyarugero umuvugizi wa M23 n’ubwo badahuje ivyiyumviro.

Umuhari wa M23 utitabiriye ibiganiro vya Nairobi wagirijwe na Reta kuba warishe abantu barenga 270 mu turere wigaruriye na cane cane ahitwa Kishishe muri teritware ya Rutshuru muri Kivu y’amaja ruguru. Ariko M23 irabihakana ikavuga ko hapfuye abantu 8 gusa bahitanywe n’amasasu giturumbuka.

Patrick Muyaya, umuvugizi wa Reta ya Kongo yemeje kuri uyu wa mbere ko hariko harategurwa amatohoza mpuzamakungu kuri ubwo bwicanyi.

Munyarugero avugira M23 avuga ko haramutse habaye amatohoza yoba ari amata avyaye amavuta na rirya kuva mu ntango z’indwi iheze ivyo vyagiriji bitanguye kunugwanugwa ari co kintu uwo muhari utahengeshanije gusaba.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG