Intumwa idasanzwe ya Reta ya Kongo mu biganiro bihuza Reta ya Kongo n'imirwi yitwaje ibirwanisho hamwe n'amashirahamwe yigenga, Serge Tshibangu, aragabisha imirwi ititabiriye ibi biganiro biriko bibera i Nairobi muri Kenya hamwe n'iyitazoshira mu ngiro ibizumvikanwako, ko izibonerako.
Mu kiganiro we n'umuhuza mu matati ya Kongo Uhuru Kenyatta bahaye abamenyeshamakuru, Tshibanga yavuze ko ari amahirwe ya nyuma. Yavuze ko inyuma y'ibi biganiro, imirwi yose itazoshira ibirwanisho hasi izokomeshwa n'ingabo z'akarere zarungitswe muri Kongo.
Umumenyeshamakuru w’Ijwi ry’Amerika, Eloge Willy Kaneza ari i Nairobi muri Kenya ahabera ibyo biganiro, ashikiriza ino nkuru.
Facebook Forum