Uko wahagera

Nairobi: M23 Ntiyitavye Ibiganiro Bihuza Imirwi y’Inyeshamba na Leta ya Kongo


Umusirikare wa Leta ya Kongo ahiga abarwanya leta mu mashyamba
Umusirikare wa Leta ya Kongo ahiga abarwanya leta mu mashyamba

Ku ncuro ya gatatu, i Nairobi muri Kenya hakoraniye ibiganiro bivuga ku kibazo c'umutekano muke uri mu buseruko bwa Kongo.

Umuhuza Uhuru Kenyatta yabwiye Abanyekongo ko bategerezwa gutahura ko ari bo babwirizwa gutora umuti w'ibibazo vyabo, abandi bose baza kubafasha gusa.

Mu kibanza c'umukuru w'umuryango wa Afrika y'ubuseruko EAC, Perezida w'Uburundi Evariste Ndayishimiye yasavye abashamiranye muri Kongo kurabira akarorero ku gihugu ciwe gisigaye kirungika ingabo gufasha ibindi bihugu inyuma y'amasezerano ya Arusha yashoboje Abarundi guhagarika intambara.

Felix Tshisekedi wa Kongo na we yamenyesheje ko intambara zibwirizwa guhagarara.

Muri ibi biganiro bizomara imisi itandatu bikitabirwa n'imirwi y'inyeshamba irenga 40, abatari bake bavuganye n'Ijwi ry'Amerika kuri uyu wa mbere ntibari bwagere muri Kenya.

Umuhari wa M23 umaze imisi wigarurira uduce tutari duke mu ntara ya Kivu y'uburaruko cane cane, ntiwitavye bino biganiro. Gusa umukuru wawo, Bertrand Bisimwa, ku musi wa gatanu w'indwi ishize yari yatangaje ko M23 yifuza guhura n'umuhuza mu matati ya Kongo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG