Uko wahagera

M23 Isabwa Gusubira mu Birindiro Vya Kera Hatarenze Kuri uyu wa Gatanu


Intumwa zakiriwe na prezida wa Angola akaba n'umuhuza yatowe n'ubumwe bwa Afrika, Joao Lourenço.
Intumwa zakiriwe na prezida wa Angola akaba n'umuhuza yatowe n'ubumwe bwa Afrika, Joao Lourenço.

Abakuru b’ibihugu vyo mu karere Kongo iherereyemwo basavye ko intambara n’ibitero hagati umuhari M23, reta ya Kongo na Monusco bihagarara guhera ku musi wa gatanu itariki 25 z’uku kwezi kwa cumi na kumwe, kuva igihe c’isaha 12 z’umuhingamo mu masaha yo mu karere.

Ibi biri mw’itangazo ryashohowe inyuma y’umubonano wabereye I louanda muri Angola ejo kuwa gatatu. Wahuje Prezida wa Angola, JOA Manuel Lourenco, umuhuza w’ishirahamwe rya Afrika, prezida w’Uburundi, Evariste Ndayishimiye, arongoye muri iki gihe ishirahamwe EAC, Prezida Felix Tshisekedi wa Repuburika ya demokarasi. Uyu mubonano warimwo kandi umushikiranganji w’imigenderanire w’u Rwanda, Vincent Biruta hamwe na Uhuru Kenyatta yahoze ari prezida wa Kenya akaba n’umuhuza wa EAC mu guhuza impande zishamiranye.

Ibindi biri muri iryo tangazo, Umuhari M23 wasabwe kuva mu turere wafashe ugasubira mu turere warimwo ubwa mbere, kandi uragabishwa ko mu gihe utobikora inteko za EAC zizoca zihabwa uburenganzira bwokuhabakura ku nguvu.

Abo bakuru b’ibihugu barangije bumvikanye gusubira kuzohurira i Bujumbura mu Burundi mu nama yo gusuzuma ko ivyo bumvikanye muri uyu mubonano w’i louanda vyubahirijwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG