Uko wahagera

Nairobi: Mu Biganiro vy’Abanyekongo Bafashe Akaruhuko


Uhuru Kenyatta wahoze ari Perezida wa Kenya ni we muhuza mu biganiro by'Abanyekongo
Uhuru Kenyatta wahoze ari Perezida wa Kenya ni we muhuza mu biganiro by'Abanyekongo

Kuri uyu musi wa kabiri ukaba n'uwa kabiri w'ibiganiro bihuza abari mu matati ya Kongo ku ncuro ya gatatu, ibiganiro ntivyakomeje. Bizobandanya kuri uyu wa gatatu.

Imvo yabiteye n'uko hari ababwirizwa kuvyitabira batari bwashike i Nairobi. Ni abaserukira imirwi yitwaje ibirwanisho muri Kivu y’Epfo hamwe n'amashirahamwe yigenga muri iyo ntara.

Amakuru ava mu biro vy'umuhuza hamwe n'aba batumire bo mu ntara ya Kivu y’Epfo, imwe muri zitanu zerekewe n'ibi biganiro yemereye Ijwi ry'Amerika ko ata nzitizi n'imwe yatumye bacerwa ahubwo habaye ikibazo c'indege yabwirizwa kubakura i Goma ku murwa mukuru w'intara ya Kivu y'uburaruko aho bari barindiririye kuva ku musi wa gatanu w'indwi iheze.

Kuva kuri uyu wa gatatu, ibiro vy'umuhuza mu matati ya Kongo, Uhuru Kenyatta vyatangaje ko ibiganiro bizosubira kubandanya ukuri kwamye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG