Uko wahagera

Kenya: Ibiganiro vy'Amahoro kuri Kongo Vyagaragayemwo Agatotsi


Abaserukiye abandi mu biganiro vy'amahoro kuri Repuburika ya demokarasi ya Kongo
Abaserukiye abandi mu biganiro vy'amahoro kuri Repuburika ya demokarasi ya Kongo

Icuka ciriwe ari kibi ahariko harabera ibiganiro ku murwa mukuru wa Kenya Nairobi. Abaserukira imirwi itandukanye y’Abakongomani bari biteze ko Prezida Felix Tshisekedi ahaseruka ariko ntiyaje.

Abandi bavuganye n’Ijwi ry’Amerika batashimye kuvugira kuri micro bashavujwe n’uko amafaranga bari biteze ahabwa abitabiriye ibiganiro batari bwayabone yose.

Kugera ku kagoroba, vyari vyitezwe ko umuhuza Uhuru Kenyatta asozera ibiganiro ariko abaserukiye cane cane imirwi y’abarwanyi bahisemwo kwanka kwinjira mu kibanza babwirizwa kwumviririzamwo ijambo ryo gusozera.

Amakuru Ijwi ry’Amerika ryaronse n’uko ku musi ku musi abitavye ibiganiro boba bahawe amadolari 50 y’Abanyamerika mu kiringo c’imisi indwi. Bene kuyahabwa bavuga ko ari intica ntikize na rirya abatari bake baturuka mu turere bigoye kwiyunguruzamwo no gushikamwo indege zimaze kubashikana ku butaka bwa Kongo.

Ibiro vy’umuhuza vyavuze ko ivyo basaba vyumvikana bihitamwo kubangira gusozera ibiganiro.

Kuri uyu wa kabiri ni ho bitegekanijwe ko abitavye ibiganiro basezerwa bamaze kugira ico bapfunditse. Mu kurindira ko hagera, imwe mu mirwi y’abarwanyi b’Abakongomani yemeza ko ititeguriye gushira ibirwanisho hasi. Mai Mai Bilozebishambuke yo muri Kivu y’epfo ni umwe muri yo. Umuvugizi wawo Aimable Nabulizi avuze ko asanga ivyo biganiro bisa n’ivyabaye impfagusa.

Reta ya Kongo yagabishije ko inyuma y’ivyo biganiro imirwi itazoshira hasi ibirwanisho izibonerako. Mugabo abarwanya ubutegetsi, bavuga ko ivyo bitabakanga.

Ivyo biganiro vyo ku ncuro ya gatatu vyatunganijwe mu gihe imigenderanire hagti y’u Rwanda na Kongo iguma itituka kubera umuhari wa M23 abategetsi ba Kongo badasiba kwagiriza u Rwanda gufata mu mugongo.

Ku musi wa gatandatu, Prezida Felix Tshisekedi yaragirije mugenzi we w’u Rwanda Paul Kagame ata kurya umunwa ko ari umwansi wa Kongo. Yagize ati: “Ubutegetsi bw’u Rwanda burongowe na Paul Kagame ni bwo mwansi wa Republika ya demokarasi ya Kongo. Abanyarwanda n’Abanyarwandakazi bo ni abavukanyi bacu. Mbere bakeneye ubufasha bwacu kuko baracinyijwe. Barakeneye ubufasha bwacu kugira biganzure. Muri Afrika yose twari twumvikanye ko ata ngwano zizongera kuba kuva muri 2020. Ikibabaje ntivyakunze kandi biterwa n’abategetsi nka Paul Kagame. Kandi yiratira kuba uwuteza intambara, umuhinga mu ntambara. Arabihimbariwe. Iyo mba ndi we nokwinyegeje nkagira isoni zo kumva ko nteza intambara zica abantu zigatuma haba amahano”. Uko ni ko Prezida Tshisekedi yavuze ariko yakira abaserukira urwaruka mu biro iwe i Kinshasa.

Ku musi wa gatatu uheze arahiza umushikiranganji w’amagara y’abantu, Prezida Paul Kagame nawe yari yavuze amajambo akomeye aroresha ku migenderanire y’igihugu ciwe na Kongo.

Ivyo biganiro vyo ku ncuro ya gatatu vyari vyitabiriwe n’abantu bagera kuri 200 bavuye mu ntara zitanu z’uburasirazuba bwa Kongo. Kuri iyi ncuro ya gatatu, umukuru w’igihugu ca Kongo ntiyavyitabiriye ahubwo yahisemwo kurungika intumwa yiwe idasanzwe, Serge Tshibangu.

Eloge Willy Kaneza, Ijwi ry’Amerika.

Kenya: Ibiganiro Biridogerwa n'Imihari Yitwaje Ibirwanisho
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:57 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG