Uko wahagera

Abashingamateka b'Amerika mu Rugendo muri Tayiwane


Amabendera ya Tayiwane n'Amerika
Amabendera ya Tayiwane n'Amerika

Hari umurwi w’abashingamateka n’abakenguzamateka batanu b’Amerika bariko bagendera Tayiwane. Barongowe na Ed Markey, umusenateri w’umudemokrate wo muri Reta ya Massachusetts. Bazomara imisi ibiri muri Tayiwane, aho bazohura n’abategetsi b’ico gihugu bakaganira ku vy’imigenderanire y’Amerika na Tayiwane, umutekano mu karere Tayiwane ibarizwamwo, ivy’uguhanahana ibidandazwa n’ibindi bibazo birimwo icuka kibi hagati y’Ubushinwa na Tayiwane.

Abashingamateka n’abakenguzamateka b’Amerika bagendeye Tayiwane inyuma y’indwi hafi zibiri, umukuru w’inama nshingamateka y’Amerika, Nancy Pelosi, agendeye ico gihugu. Ubushinwa bwari bwagabishije buvuga ko hakaramuka hari umutegetsi w’Amerika agendeye Tayiwane, buzokwihora. Mu bikorwa bwakoze bwerekana ko bwababajwe n’urugendo rwa Madamu Pelosi muri Tayiwane, harimwo gutera misile no kurungika indege z’intambara mu kirere co mu micungararo ya Tayiwane.

Icuka kibi kiri hagati y’Ubushinwa na Tayiwane kimaze imyaka myinshi; Ubushinwa bwemeza ko Tayiwane ibwegukira, gutyo bugasanga itari ikwiye kugirirana ubucuti ubwo ari bwo bwose na Reta zo mu mahanga. Ni mu gihe Tayiwane yemeza ko ari igihugu cikwije, kibwirijwe kungenzura ivyaco.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG