Umuyobozi w'inama nshingamateka ya Amerika, Nancy Pelosi, yashitse mu gihugu c'Ubuyapani, aho arangirije urugendo yarimwo mu karere ka Aziya. Ni rwo rugendo rwa mbere agize mu Buyapani kuva mu mwaka w’i 2015. Yahashitse avuye muri Koreya y’epfo, aho yashoboye kugendera urubibe ico gihugu gihana na Koreya ya ruguru.
Bitegekanijwe ko abonana n’umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapani, Fumio Kishida ejo ku musi wa gatanu kugira baganire ivyerekeye imigenderanire iri hagati y’ibihugu vyabo hamwe n’ibindi bibazo biraje ishinga ibihugu vyabo.
Pelosi ategekanya kandi kuganira n’umukuru w’inama nshingamateka y’Ubuyapani, Hiroyuki Hosoda, ku bibazo biraje ishinga amakungu.
Ubuyapani, igihugu gicuditse na Amerika cidogeye imyimenyerezo ikomeye y’igisirikare c’Ubushinwa mu mazi akikuje izinga rya Tayiwani, yatanguye uno musi ku wa kane.
Imbere y’uko Pelosi ashika mu Buyapani, umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi w’ico gihugu, Nobuo Kishi yatangaje ko misile balistike zitanu Ubushinwa bwarashe zaguye mu gice cegereye cane igihugu ciwe.
Ibice vy’intara ya Okinawa iri mu bumanuko bw’Ubushinwa vyegereye Tayiwani, hamwe n’amazinga matoyi arimwo amatati amaze igihe hagati y’Ubushinwa na Tayiwani.
Facebook Forum