Uko wahagera

Urugendo rw'Abategetsi ba USA muri Tayiwane Rushavuje Ubushinwa


Amafoto ya prezida w'Amerika na mugenzi wiwe w'Ubushinwa
Amafoto ya prezida w'Amerika na mugenzi wiwe w'Ubushinwa

Umukuru w’inama nshingamateka y’Amerika, Nancy Pelosi, yemeje amakuru y’urugendo rwiwe ku mugabane wa Aziya. Abicishije mw’itangazo, Madamu Pelosi yavuze ko we n’abandi bashingamateka b’aba demokarate batanu bazoja muri Singapore, Maleziya, Koreya y’epfo, Ubuyapani na Tayiwana.

Madamu Pelosi ntiyigeze yamara atomora ko guca muri Tayiwane ari ikimenyetso c’ugusubira kwereka Ubushinwa ko Amerika iri ku ruhande rwa Tayiwane mu kunyinyurana kumaze igihe hagati y’ivyo bihugu. Yagize ati: “ Tugiye kwereka abagenzi bacu na basomambike bacu ko ubucuti bwacu butayegayezwa.”

Ku wa gatanu ni ho ibimenyeshamakuru vyo muri Amerika vyatangura kunuganuga ko Madamu Pelosi azokubitira muri Tayiwane. Ibiro vyiwe vyari vyanse kwemeza ariko ano makuru, bivuga ko ataco biyavugako ku mvo z’umutekano.

Hagati aho, Ubushinwa bwagabishije akatari gake buvuga ko Pelosi agendeye Tayiwane vyofatwa nk’agasomborotso keruye. Ubushinwa na Tayiwane vyiciyemwo kubiri inyuma y’intambara yo mu 1949. Naho Tayiwane kuva ico gihe itigeze itwarwa n’ubutegetsi bw’ Ubushinwa, bwo bwakomeje kuyifaya nk’ikirwa cabwo, Tayiwane nayo ikibona ahubwo nk’igihugu cikwiye.

Ubushinwa mu vyo buterekwa kuri ino dosiye, harimwo ukuba Amerika iri ku ruhande rwa Tayiwane. Ku wa gatanu, mu kiganiro co kuri terefone prezida w’Amerika, Joe Biden, yagiranye n’uw’ubushinwa, Xi Jinping, yamubwiye ko “Abakina n’umuriro, uzobahitana.” Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’ubushinwa n’ayandi makungu, yagabishije ko Madamu Pelosi akagendera Tayiwana Ubushinwa buza kwihora biciye mu ngingo zikomeye.

Ni ubwa mbere kuva mu 1997, abategetsi bo ku rwego rwo hejuru b’Amerika bagendeye Tayiwane.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG