Uko wahagera

Prezida w'Amerika n'uw'Ubushinwa Baganiriye kuri Terefone


Prezida w'Amerika n'Ubushinwa
Prezida w'Amerika n'Ubushinwa

Prezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Joe Biden na prezida w'Ubushinwa, Xi Jinping, bavuganye kw'itelefone uno musi ku wa kane mu gitondo ku vyo abetegetsi bo mu biro vya Prezida Biden bavuga ko vyari ibibazo bitandukanye birimwo ivyerekeye ubutunzi, icuka kibi hagati y'ibihugu vyabo ku vyerekeye Taiwan n'ingwano y'Uburusiya muri Ukraine.

Ibiro vya Prezida Biden vyatangaje ko abo bategetsi bompi bavuganye kuva igihe c’isaha zibiri n’iminota 33 yo mu gitondo mu masaha yo mu buseruko bwa Amerika. Umuvugizi wa Prezida Biden ku bibazo vyerekeye umutekano w’igihugu, John Kirby, yabwiye abamenyeshamakuru ku musi wa gatatu ko Biden ashaka kubona ko uburyo bw’ukubandanya kuvugana na Prezida Xi buguma buhari kubera bikenewe.

Yatangaje ko hari ibibazo bashobora gukoranako n’Ubushinwa, mu gihe hari ibindi ivyo bidashoboka. Uwo muvugizi John Kirby yavuze ko imishamirano ku bijanye n’igice c’ibahari kiri mu bumanuko bw’Ubushinwa n’inyifato y’Ubushinwa muri ako karere vyari mu vyari bitegekanijwe kuganirwako uno musi ku wa kane.

Ibiganiro hagati ya ba Prezida Biden na Xi bibaye mu gihe umukuru w’inama nshingamateka ya Amerika, Nancy Pelosi, ashobora kugendera Tayiwani. Umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’Ubushinwa, Zhao Lijian, yagabishije ku musi wa gatatu ko bazokwishura n’inguvu zikomeye cane kuri urwo rugendo rwa Pelosi. Yamara Kirby avuga ko Amerika itahinduye imigambi yayo ku bijanye n’ikibazo ca Tayiwani, kandi ko ivyo ari vyo Nancy Pelosi azogaragaza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG