Uko wahagera

Espanye Yategetse ko Amatohoza y'Icishe Dos Santos wa Angola Abandanya


Jose Eduardo dos Santos yahoze ari prezida wa Angola
Jose Eduardo dos Santos yahoze ari prezida wa Angola

Sentare muri Espanye uno musi ku wa mbere yatangaje ko ivyavuye mw'isuzumwa ry'ikiziga ca Jose Eduardo dos Santos yahoze ari prezida wa Angola vyasanze yitavye Imana ahitanywe n'urupfu rusanzwe. Iyo sentare yasavye ko ikiziga ciwe kibandanya gusuzumwa.

Iyo sentare yategetse kandi ko gushikiriza ikiziga ciwe umuryango wiwe bitebeshwa. Umuvugizi wayo amenyesha ko naho ivya mbere vyavuye mw’isuzumwa ry’ikiziga vyerekana ko yahitanywe n’urupfu rusanzwe, yafashe ingingo y’ugutegeka ko ikiziga ciwe kibandanya gusuzumwa. Imvo ikaba ari uko hari abidoze bavuga ko hoba hari abantu bashobora kuba bari bageramiye ubuzima bwiwe.

The Carmen Valera, ibiro vy’abaserukira umukobwa wa dos Santos, Tchize dos Santos mu vy’amategeko, vyatangaje ko yasavye isuzumwa ryizuye ry’ikiziga ca se wiwe kubera hoba hari ibintu bidasobanutse neza ku bijanye n’urupfu rwiwe. Ivyo naho ata vyemezo batanze ku vyo batangaje.

Ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Angola, Joao Lourenco, bimenyesha ko dos Santos yavuye ku butegetsi haheze imyaka 5 y’uko ayoboye Angola mu kiringo kigera ku myaka 40.

Dos Santos yitavye Imama haheze indwi zibiri mu gisagara ca Barcelone afise imyaka 79. Yariko yivuza kuva mu mwaka w’i 2019. Itororokanirizo ry’amakuru ryo muri Portugal, Lusa, ryatangaje mu kwezi kwa gatandatu ko yariko avurwa mu gice kivura abantu baremvye mu bitaro mu gisagara ca Barcelone.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG