Uko wahagera

Dos Santos Yahoze ari Prezida wa Angola Yatahutse mu Gihugu Ciwe


Jose Eduardo dos Santos yahoze ari prezida wa Angola ( i Bubamfu)
Jose Eduardo dos Santos yahoze ari prezida wa Angola ( i Bubamfu)

Uwahoze atwara Angola, Jose Dos Santos, yatahutse inyuma y’amezi 30 yari amaze ari hanze y’igihugu. Jose Eduardo Dos Santos yatahutse ejo ku musi wa kabiri kuva agiye kuba mu gisagara ca Barcelona, muri Esipanye mu kwezi kwa kane mu mwaka w’2019.

Yavuye ku butegetsi mu myaka ine iheze, inyuma y’imyaka irenga 40 yari amaze ari prezida w’ico gihugu co muri Afrika kigira kabiri mu butunzi bw’ibitoro. Yabaye umwe mu bategetsi bo muri Afrika bamaze imyaka myinshi ku butegetsi.

Yasubiriwe na Joao Lourenco, yari yitoje ku giti c’umugambwe MPLA, mu majambo avunaguye. Yamara Lourenco yaciye atangaza abatari bake mu gufata ingingo zihutirwa zo gutohoza ivyaha vya ruswa ku ntwaro ya Dos Santos, harimwo ivyaha vyagirijwe umuhungu wiwe Jose Filomeno Dos Santos hamwe n’umukobwa wiwe Isabel Dos Santos.

Gushika ubu, Dos Santos ntaragirizwa ivyaha vya ruswa. Atahutse mu gihe umugambwe wiwe MPLA witeguriye gutunganya inama nkuru mu kwezi kwa 12 hamwe n’amatora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe mu mwaka uza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG