Uko wahagera

Dos Santos Wategetse Angola Imyaka 38 Yitavye Imana


José Eduardo dos Santos
José Eduardo dos Santos

Jose Eduardo dos Santos yabaye Prezida wa Angola mu kiringo kigera ku myaka 40 yitavye Imana uno musi ku wa gatanu mu bitaro mu gisagara ca Barcelone mu gihugu ca Espanye. Yari afise imyaka 79.

Yitavye Imana inyuma y’indwara yari amaranye ikiringo kirekire asanzwe yivuza kuva mu mwaka w’i 2019.

Itororokanirizo ry’amakuru ryo muri Portugal, Lusa, ryamenyesheje mu kwezi guheze ko dos Santos yari yakiwe mu bitaro mu gisagara ca Barcelona.

Dos Santos yari yavuye mu mabanga y’umukuru w’igihugu haraheze imyaka 5.

Intwaro yiwe yaranzwe n’ingwano yihaye inkumbi yamaze hafi y’imyaka mirongo itatu yabaye hagati ya reta n’abarwanya ubutegetsi b’umurwi UNITA. Yaratsinze iyo ngwano mu mwaka w’i 2002.

Yasusbiriwe na prezida Joao Lourenco mu mwaka w’i 2017 wo mu mugambwe MPLA nkawe.

Lourenco yarihutiye gutohoza ivyagirizo vya ruswa mu gisata c’ibitoro yibonekeje mu kiringo ca dos Santos. Ivyo vyagirizo vyashimikiye ku bana biwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG