Uko wahagera

Angola: Umuhungu w'Uwahoze ari Perezida Yagirizwa Ruswa


José Filomeno dos Santos umuhungu w'uwahoze ari perezida wa Angola
José Filomeno dos Santos umuhungu w'uwahoze ari perezida wa Angola

Ejo ku musi wa mungu, umuhungu w’uwahoze ari prezida wa Angola yagiriwe icaha co kuba yarakuye amadolari y’amanyamerika angana n’imiriyoni 500 muri banke nkuru ya Angola ayarungika muri banke nkuru y’Ubwongereza.

Jose Filemeno dos Santos, yahoze ari umuyobozi mukuru w’ikigega c’ubutunzi cyo muri Angola, gifise agaciro k’imiriyaridi zitanu z’amadolari, yaraye yagiriwe icaha ca ruswa. Uwo Do Santos yarongeye yakwa uburengazira bwo kuva muri Angola.

Valter Filipe da Silva, yahoze ari guverineri wa banki nkuru ya Angola, nawe nyene yagiriwe icaha ca ruswa.

Dos Santos abaye umutegetsi wa mbere akomeye arengukishijwe imbere y’ubutungane inyuma y’urubanza rwaciriwe se wiwe, Jose Eduardo dos Santos. Uwo nawe yavuye k’ubutegetsi inyuma yo gutegeka Angola ikiringo c’imyaka irenga mirongo itatu.

Ibiro bimenyesha amakuru by’Abongereza, Reuters, byatangaza ko abategetsi b’Ubwongereza bahagaritse izo miliyoni 500 z’amadolari, inyuma yaho biketse ibijanye nayo mafaranga. Reuters itangaza kandi ko Ubwongereza buvuga ko bwiteguriye gusubiza ayo mafaranga reta ya Angola.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG